Uko wahagera

Ibirunga muri Guatemala Vyishe Abashika 72


Abasirikare bagenzura ahateye ibirunga i San Miguel Los Lotes muri Guatemala, itariki 5/06/2018.
Abasirikare bagenzura ahateye ibirunga i San Miguel Los Lotes muri Guatemala, itariki 5/06/2018.

Ibirunga muri Guatemala vyarongeye gutera ku musi wa kabiri, bituma abatabara hamwe n’abarokotse batoroherwa kuronka aho bahungira.

Kuri uyu wa kabiri kandi, igihugu ca Guatemala caratanguye gupfuba bake mu bapfuye bashoboye kuboneka, inyuma y’ibirunga vyo ku musi wa Mungu vyishe abantu bashika kuri 72.

Mugihe abatabara babandanya kurondera abo bokiza, abategetsi bavuga ko ibitigiri vy’abapfuye bishobora kwiyongera.

Bavuga kandi ko ivyo birunga vyo ku musi w’Imana vyateye akarere kabamwo abantu barenga umuriyoni, mugihe abarenga ibihumbi bitatu bakuwe mu bice bikikuje ahateye ivyo birunga.

Ivyo birunga vyiswe Fuego vyateye ku birometero 44 mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Guatemala City.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG