Uko wahagera

Macron: Uburayi Buzokwihora Ingingo yo Gutoza Amatagisi kuri Acier na Aliminium


Russia economic forum
Russia economic forum

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yabwiye mugenzi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kuri uyu wa kane ko amatagisi yashizwe ku vyuma vya Acier na Aliminium biva mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya ari ingingo iteye kubiri n’amategeko kandi ko Uburayi bugiye nabwo gufata ingingo zo kwihora, Ivyo vyashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Elysee.

Ivyo biganiro kuri telefone hagati y’abo ba Perezida babiri vyabaye inyuma y’aho Reta zunze ubumwe z’Amerika zitangarije ko amatagisi kur’ivyo vyuma ashobora gutangura gutozwa kuri uyu wa gatanu kubizoba bivuye mu Burayi, Canada na Mexique .

Macron yabwiye Trump ko iyo ngingo ari ikosha rikomeye kuko bishobora kuzogirira ingaruka mbi kuri bose harimwo na Reta zunze ubumwe z’Amerika

Nawe umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ubutunzi, Bruno Le Maire yavuze ku musi wa kane ko Ubufaransa butazoja mu biganiro na Reta zunze ubumwe z’Amerika mugihe ivyo bihano vyoja mu ngiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG