Umupolisi mu gihugu ca Afuganistani yapfuye mu gitero cabaye uno musi ku wa gatatu ku cicaro gikuru c’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati ku murwa mukuru, Kabul.
Ico gitero catanguye igihe imodoka yarimwo amabombe yaturika kuri bariyere hanze y’inyubakwa irimwo ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati.
Umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho binjiye muri iyo nyubakwa baciye ku rwinjiriro rwayo. Bahuye n’inteko zijejwe umutekano zatujije igitero cabo.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, Najib Danish, yatangaje kw’abantu 5 bakomeretse muri ico gitero c’uno musi ku wa gatatu.
Reta ya Kiyisilamu yiyitiriye ico gitero.
Abatalibani biyemeje kwongereza ibitero ku murwa mukuru, Kabul. Bama bagize ibitero uko umwaka utashe muri iki gihe kuri Reta ya Afuganistani ishigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Facebook Forum