Abategetsi b’Abanyapalestina batangaje ko bashitse ku gahengwe n’igihugu ca Isirayeli gahagarikiwe n’igihugu ca Misiri.
Abategetsi ba Isirayeli ntibemeje ivyerekeye ako gahengwe. Yamara batangaza ko hamwe ibitero vya muzinga n’amarokete vy’abarwanyi bo mu ntara ya Gaza vyohagarara, Isirayeli izohagarika ibitero vy’ukwishura.
Abategetsi ba Isirayeli bavuga ko mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri igisirikare ca Reta cagize ibindi bitero vy’indege z’ingwano mu bibanza vy’umurwi Hamas. Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Isirayeli butangaza ko ivyo bitero vyahiga ibibanza bikorerwamwo amarokete n’amasasu, hamwe n’ibibanza vya gisirikare hamwe n’ibibanza vy’ukwimenyerezamwo.
Isirayeli n’umurwi Hamas vyaratanye mu mitwe, hakoreshejwe vya muzinga n’indege z’ingwano, ku musi wa kabiri mu bubaye ubwa mbere kuva izo mpande zibiri zitana mu mitwe mu ngwano yamaze imisi 50 mu mwaka w’i 2014.
Umurwi Hamas n’uwundi murwi mutoyi w’abarwanyi, Islamic Jihad, vyatangaje ko arivyo vyagize ibitero vy’amarokete yarashwe ku butaka bwa Isirayeli avuye mu ntara ya Gaza ku musi wa kabiri.
Facebook Forum