Uko wahagera

Ububirigi: Abaporisi 2 Bishwe Barashwe n'Uwitwaje Inkoho i Liege


Belgium/Liege
Belgium/Liege

Mu gihugu c’Ububirigi, abashikirizamanza ba reta bariko baratohoza iraswa ry’abapolisi babiri hamwe n’uwundi muntu umwe, bagandaguwe uyu musi ku wa kabiri mu gisagara ca Liege, kiri mu buseruko bw’igihugu c’Ububirigi: igitero abapolisi bavuga ko gishobora kuba ar’igitero c’iterabwoba.

Abagabo bitwaje inkoho barashe abo bapolisi uyu musi mu gitondo imbere y’akamangazine abantu bivunirako umusase, maze baca bahungira kw’ishule rikuru riri mur’iyo micungararo, aho bagize abantu imbohe mu gihe gitoyi.

Umuvugizi w’igipolisi mu gisagara ca Liege, Catherine Callignon yabwiye ibiro bijejwe gutangaza amakuru AFP kw’uyo muntu agira gatatu yishwe, yariko agendesha imodoka mur’ico kibanza.

Umuntu yarashe abo bapolisi yahavuye araswa n’abapolisi yahora apfunzwe, ariko yari yarekuwe ku musi wa mbere, nk’uko Television yo mu gihugu c’Ububirigi, RTBF, yabitangaje.

Ayo makuru avuga kw’uyo mugabo yar’azwi ku vyaha bito bito yahora akora, ariko ngo nta makuru ahari avuga ko yakorana n’imirwi y’intagondwa.

Ubwo bwicanyi bubaye mu gihe igihugu c’Ububirigi kirikanuye kubera ibitero vyabaye ku murwa mukuru Bruxelles mur’iyi myaka iheze, vyakozwe n’umurwi w’abayislami b’intagondwa, Islamic State.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG