Uko wahagera

Abimukira 550 Baratabawe muri Mediterane


Abimukira b'Abanyafrika bafashanya hagati yabo, mugihe bari bshitse aho bakirirwa i Ceuta, muri Espanye, itariki 17/02/2017.
Abimukira b'Abanyafrika bafashanya hagati yabo, mugihe bari bshitse aho bakirirwa i Ceuta, muri Espanye, itariki 17/02/2017.

Abatabara bo muri Espanye barashoboye gutabara abimukira bashika ku 550 bari mw’ibahari Mediterane bari mu bwato buto buto bava mu buraruko bwa Afrika bajabukira ku mugabane wa Buraya.

Abategetsi bavuga ko abo bimukira bari barundaniye mu bwato 17 butandukanye, butatu muri bwo bwaribiye. Nta bapfuye batangajwe.

Abategetsi ba Espanye bavuga ko benshi muri abo batabawe haraheze imisi ibiri bandurutse bava mu buraruko bwa Afrika no muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara.

Igihugu ca Espanye nico abimukira bariko batumberamwo bagerageza kwinjira ku mugabane wa Buraya bahunga intambara, iterabwoba hamwe n’ubukene mu bihugu vyabo.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG