Uko wahagera

Abantu 23 Barishwe n'Imvura mu Ntara ya Oromia muri Etiyopiya


Oromia map
Oromia map

Abantu 23 barapfuye basenyukiweko n’ubutaka inyuma y’imvura nyinshi yaguye mu ntara ya Oromia muri Etiyopiya.

Ikimenyeshamakuru Fana Broadcasting Corporation cegamiye Reta ya Etiyopiya catangaje ko ubwo butaka bwasenyutse ku musi wa gatandatu ku mugoroba inyuma y’imvura nyinshi yaguye muri ako karere. Ayo makuru avuga ko 16 mu bapfuye bari abagore, abandi batandatu bakomeretse baciye bajanwa kwa muganga.

Igihugu ca Etiyopiya kiriko kiraronka imvura nyinshi rimwe na rimwe isenyura imisozi mu bice bimwe bimwe vy’igihugu.

Abababa kuri 50 barapfuye basenyukiweko n’imisozi mu kwezi kwa gatanu umwaka wa 2016, haguye imvura nyinshi nk’iyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG