Uko wahagera

RDC: Abasirikare 5 Barishwe mu Mishamirano na ADF


Abasirikare 5 bishwe, abandi 13 barakomereka ku musi wa kane muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Ivyo vyabaye igihe igisirikare ca Reta cagira igitero kw’ikambi y’abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Uganda, “Allied Democratic Forces”, mu mpfunyapfunyo, ADF, mu ntara ya Beni mu buseruko bw’igihugu.

Umusi w’imbere y'aho igisirikare cari catangaje ko cishe abarwanyi b’umurwi ADF 10 mu gitero cakozwe ku barwanyi b’uwo murwi.

Umuvugizi w’igisirikare ca Reta mu karere ka Beni, Mak Hazukay, yatangaje ko ku ruhande rwabo batakaje abasirikare 5, abandi 13 barakomereka.

Mu masaha y’imbere yo ku mutaga, uno musi ku wa gatanu, abategetsi b’abasivile n’abasirikare berekanye ibiziga vy’abantu 14 bikekwa ko ari abarwanyi b’umurwi ADF.

Umurwi ADF, washizweho mu mwaka w’i 1989, kugira ukingire uburenganzira bw’Abayislamu wavuga ko bwartyojwe na Reta ya Uganda. Baratujijwe muri Uganda n’igisirikare ca Reta yaho, bahungira muri Kongo aho bashinze imizi mu buseruko bw’ico gihugu.

Abarwanyi b’umurwi ADF bagirizwa n’abategetsi ba Kongo n’inteko za ONU zijejwe kwubahiriza umutekano muri ico gihugu ko bishe abasivile amajana n’amajana kuva mu mwaka w’i 2014 mu ntara ya Beni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG