Uko wahagera

Abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo batangaza ko abantu 50 bapfuye mw’isanganya ry’ubwato bwibiye mu kiyaga mu ntara iri mu buraruko bw’igihugu.

Richard Mboyo Iluke, icegera ca Buramatari w’intara ya Tshuapa, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ati: "Twatoye ibiziga vy'abantu 49 ku musi wa gatatu uwundi umwe muri aka gatando."

Ikindi cegera ca Buramatari cabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko abantu bangana ico gitigiri nyene bashoboye kurokoka.

Amasanganya nk’ayo y’abantu bapfa muri ubwo buryo yama yabaye muri RDC.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG