Uko wahagera

Abashika Indwi Bahitanwe na Bombe i Benghazi


Ibisigarira vy'ahaturikiye bombe i Benghazi, Libiya.
Ibisigarira vy'ahaturikiye bombe i Benghazi, Libiya.

Abantu bashika indwi bishwe abandi barenga mirongo ibiri barakomereka ku mugoroba wo kuri uyu musi wa kane mu gitero c’imodoka yatezwemwo bombe mu gisagara ca Benghazi, mu buseruko bwa Libiya, nkuko umutegetsi mu nzego z’umutekano yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP.

Iyo modoka yaturikiye hafi y’i Hoteli Tibesti, kw’ibarabara ririko amamangazini rikunda kubamwo abantu benshi mu mezi yo kwisonzeshereza ramadan.

Nta muhari n’umwe uravuga ko wagikoze gushika ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG