Uko wahagera

Ubufaransa: Ibihano kuri Irani Bizohungabanya Akarere


Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Jean-Yves Le Drian, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Buruseli, itariki 15/05/2018.
Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Jean-Yves Le Drian, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Buruseli, itariki 15/05/2018.

Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Jean-Yves Le Drian yatangaje ku musi wa gatatu ko mu gihe Reta zunze ubumwe z’Amerika zofatira ibihano bikomeye igihugu ca Irani, bishobora guhungabanya akarere ko mu burasirazuba bwo hagati.

Ivyo abivuze inyuma y’aho umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire, Mike Pompeo, agabishirije mu ntango z’iyi ndwi ko mu gihe Irani kitohindura inyifato, kizofatirwa ibihano ruhasha muvy’ubutunzi.

Ashikiriza poritike yiwe muvy’imigenderanire ku musi wa mbere, Pompeo yavuze ko Irani cananiwe no kurekura Abanyamerika batatu cagize imbohe, n’igihe cakurwako ibihano inyuma y’amasezerano ku vya Nikleyeli yo mu mwaka wa 2015.

Imiryango y’Abanyamerika bagizwe imbohe muri Irani bafise ubwoba ko ingingo Amerika yafashe yo kuvavanura n’amasezerano ya Nikleyeli ishobora kuzotuma bitoroha kuzobona ababo ari bazima.

Ubufaransa hamwe n’ibindi bihugu vyateye umukono kuri ayo masezerano vyaremeranije kuguma biyashigikiye.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG