Uko wahagera

Bane Barishwe mu Gitero c'Umwiyahuzi i Baghdad


Abantu bakoraniye ahabereye igitero ca bombe mu buseruko bwa Baghdad, Iraki.
Abantu bakoraniye ahabereye igitero ca bombe mu buseruko bwa Baghdad, Iraki.

Abantu bashika kuri bane barishwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira uwa kane mu gitero cakozwe i Baghdad ku murwa mukuru wa Iraki n’umwiyahuzi mu bunywero bw'ikawa buhurumbirwa na benshi mu migoroba ya Ramadani, nkuko amakuru ava mu giporisi abivuga.

Mur’ico gitero abantu 16 barakomeretse, harimwo n’abaporiri, nkuko umuporisi atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Iki gitero cabaye ku musi ugira ndwi w’ukwezi kwo kwisonzesha kwa Ramadani, aho Abanya-Iraki basohoka mu miryango hamwe n’abagenzi mu buriro imbere y’uko uyundi musi wo kwisonzeshautangura.

Kuva aho Reta zunze ubumwe z’Amerika cinjiriye muri Iraki kigakuraho Saddam Hussein mu mwaka wa 2003, ibihe vyo kwisonzesha vya ramadani vyamye birangwamwo ubwicanyi bufatiye kumadini canke ku bakora iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG