Abarundi bababa 900, kuri uyu wa kabiri bahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya, bakiriwe mw'ikambi y'imfatakibanza y'i Gitara muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba mu Burundi.
Abo bahunguke bavuga ko mu gutaha bemeye gukurikiza amategeko n' impanuro z'abajejwe intwaro mu Burundi. Bakaba bazotahanwa mu ntara zo hagati no mu bumanuko bw'Uburundi.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Chryssie Munezero yageze aho izo mpunzi zakiriwe aratubwira uko bimeze.
Facebook Forum