Umuyobozi mushasha w’ibiro bijejwe iperereza muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, CIA, Gina Haspel, yarahiye mu mabanga yiwe uno musi ku wa mbere.
Prezida Donald Trump yari muri ivyo birori ku cicaro gikuru c’ibiro CIA, hanze y’igisagara ca Washington. Trump yavuze ko Haspel ari umuntu adasanzwe yakoreye igihugu ciwe n’ubushobozi hamwe n’ukwitanga bidasanzwe. Yasiguye ko ata muntu n'umwe mu gihugu afise ubuhinga kurusha Haspel ku bijanye n’ukuyobora ibiro CIA.
Inama nkenguzamateka yemeje Haspel ku musi wa kane w’indwi irangiye n’amajwi 54 kuri 45. Abademokrate batandatu baramutoye mu gihe abarepublika babiri barwanije igenwa ryiwe mu mabanga y’ugusubirira Mike Pompeo yari asanzwe ayoboye ibiro CIA.
Pompeo yemejwe mu kwezi guheze mu mabanga y’ukuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n’amakungu. Haspel ni we mupfasoni wa mbere abaye umuyobozi w’ibiro CIA mu mateka ya Amerika.
Facebook Forum