Uko wahagera

AFRIKA: Igihuhusi n'Imvura y'Isegenya Vyahitanye Abantu 22


Somaliland and Puntland map
Somaliland and Puntland map

Abantu bashika kuri mirongo ibiri na babiri bishwe bahitanywe n’igihuhusi kivanze n'imvura y'isegenya vyabaye mu bihugu biri mu buseruko bushira uburaruko bwa Afrika.

Ahmed Ali buramatari w’akarere kiyonkoye ku gihugu ca Somaliya ka Somaliland amenyesha ko mu karere ka Awdal abantu bashika kuri cumi na batanu bishwe n'iyo mvura. Avuga kandi ko uwundi muntu umwe yapfiriye mu kigwati ca Berbera mu ntara ya Sahil.

Buramatari Ali avuga ko ibitigiri vy’abapfa bishobora kwiyongera kubera bakiri mu bikorwa vyo gutabara imbabare mu turere twa kure twasinzikajwe cane n’iyo mvura.

Abanyagihugu muri ako karere bavuga ko benshi bapfa kubera ugutwarwa n’imyuzurire itegwa n’iyo mvura y'umurengera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG