Uko wahagera

ONU: Abanyepalestina Barimwe Uburenganzira Bwabo


Zeid Ra'ad al-Hussein, Komiseri mukuru w’Ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu
Zeid Ra'ad al-Hussein, Komiseri mukuru w’Ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu

Komiseri mukuru w’ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu, Zeid Ra’ad al Hussein yaneguye igihugu ca Isirayeli ko cimye Abanyepalestina uburenganzira bahabwa n’amategeko mpuzamakungu.

Zeid Ra'ad al-Hussein yavuze kuri uyu wa gatanu mu nama idasanzwe y’inama mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu ko akarere ka Palestina kabamwo abantu bashika ku muliyoni 1.9 mu ntara ya Gaza bama batewe ivyuka kuva bakivuka kugeza n’aho bazopfira.

Iyo nama idasanzwe ishobora gushiraho umurwi uzoja gutohoza ku bwicanyi bwabereye ku rubibe rwa Gaza muri iyi ndwi, aho abantu barenga 60 bishwe abandi 2,700 barakomereka.

Nawe Ambasaderi muri ako kanama ka ONU gakurikirana ivy’agateka kazina muntu yavuze ko uwo murwi w’amatohoza ata nakimwe uzohindura ku bibera muri ako karere.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG