Uko wahagera

Pakistani: Umukomanda wa Reta ya Kiyisilamu Yarishwe


Abasirikare ba Pakistani
Abasirikare ba Pakistani

Abategetsi ba Pakistani batangaje ko inzego z’umutekano zakurikiranye zongera zirica Salman Badeni, umukomanda yari akomeye mu barwanyi b’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu, yari amaze igihe aronderwa yagirizwa kuba yarishe inkehwa z’Abayisilamu bo mu bwoko bw’abashiite zirenga 100 hamwe n’abaporisi.

Ico gitero cabaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu, cabereye mu bumanuko bushira uburengero bw’intara ya Baluchistan, cahitanye kandi abiyahuzi babiri b’Abanyafuganistani. Abategetsi bajejwe umutekano barafashe uwo igisirikare cise kuri uyu wa kane uwukora iterabwoba yakomeretse.

Abategetsi bavuga kandi ko umukozi umwe akorera iperereza yasize ubuzima muri ico gitero abandi basirikare bane barakomereka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG