Uko wahagera

Umusirikare umwe yamuka muri Mauritaniya wo mu nteko za Monusco muri Centrafrika yarishwe abandi umunani barakomereka kuri uyu wa kane, mu gitero cakozwe n’abarwanyi b’aba antibalaka ku miduga yabo, ivyo vyatangajwe n’igisirikare ca Mauritaniya.

Muri ico gitero abarwanyi b’aba Antibalaka batakaje ababo mirongo ine.

Aho ari i New York, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yaraneguye ico gitero, asaba abategetsi ba Centrafrika gutohoza kur’ivyo bitero ku basirikare ba ONU no kurengutsa imbere y’intahe abazokwagirwa n’ubwo bwicanyi.

Abaye umusirikare agira gatatu wa ONU yiciwe muri Centrafrika kuva mu ntango z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG