Uko wahagera

RDC: Abamenyeshamakuru 2 b'Ababirigi Barabujijwe Kwinjira


Lambert Mende, Umuvugizi akaba n'umushikiranganji wo kumenyeshamakuru wa reta ya RDC
Lambert Mende, Umuvugizi akaba n'umushikiranganji wo kumenyeshamakuru wa reta ya RDC

Abamenyeshamakuru babiri bafise ubwenegihugu bw’Ububirigi bagirizwa kuba bari bafise Visa zitemewe n’amategeko barabujijwe kwinjira ku butaka bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko vyatangajwe kuri uyu wa gatatu n’abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo, basanzwe badafitaniye imigenderanire myiza n’Ububirigi kuva mu ntango z’uyu mwaka.

Umuvugizi wa reta ya Kongo, Lambert Mende yavuze ko abo bamenyeshamakuru babiri bakorera televiziyo Canvas, bahawe visa na Konsila ya RDC iri mu gisagara ca Anvers itemerewe gutanga Visa kuva mu kwezi kwa kabiri.

Kw’igenekerezo ya 30 z’ukwezi kwa kane, Ububirigi bwavuze ko butakigira uwubuserukira muri RDC, inyuma y’icuka kibi muvya kidipolomasiya hagati ya Kinshasa na Buruseli catewe n’uruhagarara rwa politike muri Kongo.

Ambasaderi, Bertrand de Combrugghe, yari yahamagawe n’Ububirigi mu kwezi kwa kabiri mu mubonano n’abategetsi bamurongoye. Ihamagarwa ryiwe ryabaye inyuma y’aho Kinshasa ifatiye ingingo yo kwugara ibiro vya Schengen bitangirwamwo visa z’ibihugu 18 vya Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG