Uko wahagera

RDC: Abasirikare 2 ba Monusco Bari Barabuzwe Irengero Babonetse


Abasirikare ba Monusco bibuka bagenzi babo bamuka muri Tanzaniya bishwe mu gitero, Goma, RDC, itariki 15/12/2017
Abasirikare ba Monusco bibuka bagenzi babo bamuka muri Tanzaniya bishwe mu gitero, Goma, RDC, itariki 15/12/2017

Umurwi wa ONU wa MONUSCO muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo watangaje kuri uyu wa gatatu ko watoye ari bazima, abasirikare bawo babiri bari barabuzwe irengero ku musi wa gatanu, inyuma y’igitero cakozwe ku modoka barimwo mu ntara ya Tanganyika. Ivyo vyatangajwe na Florence Marchal, avugira Monusco, ariko ntaco avuga ku buryo batowe.

Yongeye avuga ko bari mu kambi ya gisirikare ya Monusco i Nyunzu kandi bungururizwa kuri uyu wa kane i Kalemie.

Ku musi wa gatanu imodoka zarimwo abasirikare 13 ba Monusco zaratewe n’abarwanyi b’aba maï-maï mu ntara ya Tanganyika, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’ico gihugu. Abasirikare babiri bamuka muri Benin barabuzwe irengero inyuma y’ico gitero.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, abasirikare 15 ba Monusco bamuka muri Tanzaniya barishwe mu gitero cakozwe n’abarwanyi b’Abaganda bo mu muhari ADF mu ntara ya Beni, mu buraruko bushira ubuseruko bwa RDC.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG