Uko wahagera

Afrika y'Epfo Yakuye Ambasaderi muri Isirayeli Inyuma y'Iyicwa ry'Abanyepalestina


Abigaragamvya imbere y'inama nshingamateka i Cape Town, muri Afrika y'epfo, biyamiriza iyicwa ry'Abanyepalestina ryakozwe n'abasirikare ba Isirayeli, itariki 15/05/2018.
Abigaragamvya imbere y'inama nshingamateka i Cape Town, muri Afrika y'epfo, biyamiriza iyicwa ry'Abanyepalestina ryakozwe n'abasirikare ba Isirayeli, itariki 15/05/2018.

Igihugu ca Afrika y’epfo cahamagaje ambasaderi waco muri Isirayeli ku musi wa kabiri, inyuma y’aho abasirikare ba Isirayeli biciye abantu 60 bariko biyamiriza ingingo ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yo gukura ambasade yayo i Tel Aviv ikayimurira i Yerusalemu.

Ubushikiranganji bwa Afrika y’epfo bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwaneguye ivyakozwe n’abasirikare ba Isirayeli ku Banyepalestina bari mu myigaragamvyo mu ntara ya Gaza, mu kuvuga ko abishwe bariko biyamiriza ingingo y’agasotoro yo gushira Ambasade y’Amerika i Yerusalemu.

Ubwo bwicanyi, bwatumye Afrika y’epfo ikura Ambasaderi wayo i Tel Aviv, aho izindi ambasade muri Isirayeli ziri.

Afrika y’epfo isaba ko abasirikare ba Isirayeli bavanwa mu ntara ya Gaza kandi yemeza ko ubwo bwicanyi ariyo ntambamyi ku kwubaka inzego za Palestina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG