Uko wahagera

Somaliland na Puntland Zatanye mu Mitwe, Abashika Bane Bapfuye


Ikarata ya Somaliland

Ugutana mu mitwe gukomeye kwadutse, uno musi ku wa kabiri, mu gice kirimwo amatati mu gice ca Sool kiri hagati ya Somaliland na Puntiland. Abantu 4 bahasize ubuzima. Ayo makuru yatangajwe n’umutegetsi ajejwe umutekano.

Ugutana mu mitwe hagati y’izo ntara zibiri kwadutse hanze y’imihana y’ahitwa Tukaraq iri hagati y’igisagara ca Las Onod, muri Somaliland n’igisagara ca Garowe mu ntara ya Puntland.

Ibiro vya Perezida wa Puntland, Abdiweli Mohamed Ali, vyasohoye itangazo ryagiriza Somaliland ko yasomborokeje igitero ku butaka bwa Puntland.

Abategetsi ba Somaliland bagirije Puntland ko yateye ibirindiro vyabo.

Impande zose zivuga ko hari abapfuye n’abakomeretse ku mpande zose.

Yamara nta ruhande na rumwe rutanga ibiharuro vyemeza ivyashikirijwe n’umutegetsi ajejwe umutekano. Uwo mutegetsi, izina ryiwe ritatangajwe kubera atarekuriwe kuvigisha abamenyeshamakuru, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’ugutana mu mitwe gukomeye kwabaye hagati ya Somaliland na Puntland hakoreshejwe ibirwanisho bikomeye.

Abanyagihugu baba mu ntara irimwo amatati ya Sool baraserukiwe mu nzego z’intwaro mu ntara zompi uko ari zibiri za Somaliland na Puntland.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG