Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi rwagirishije inama yihutirwa uno musi ku wa kabiri.
Iyo nama yari igenewe kuganira ku kugene ibintu vyifashe mu ntara ya Gaza inyuma y’umusi waranzwe n’uguhangana hagati y’abasirikare ba Isirayeli n’Abanyapalestina kwihaye inkumbi mu buryo bitari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka itanu.
Nickolay Mladenov, intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe gukirikirana umugambi w’amahoro mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi yaciriye ku mayange urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi ku kugene ibintu vyifashe, ari mu gisagara ca Yeruzalemu.
Igihugu ca Koweit categuye itangazo ryerekana ishavu n’umubabaro kw’iyicwa ry’abanyapalestina batari bake ryakozwe n’inteko z’igihugu ca Isirayeli. Iryo tangazo risaba kandi itohoza ryigenga.
Vyinshi mu bihugu bicuditse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ibihugu bidacana uwaka, vyaranebaguye ingingo y’ukwimurira ambasade yayo mu gisagara ca Yeruzalemu. Ivyo bihugu bivuga ko iyo ngingo izokwongeza icuka kibi mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi.
Abategetsi batari bake b’ibihugu vy’abarabu biyamirije iyo ngingo bavuga ko ari agasomborotso. Batangaza ko iyo ngingo ityoza agateka k’Abanyapalestina.
Facebook Forum