Ibihugu vyinshi bicuditse hamwe n’ibidacana uwaka na Reta zunze ubumwe z’Amerika vyaragize ico bishikirije ku ngingo ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yo kwugurura Ambasade yayo i Yerusalemu ku musi wa mbere, bivuga ko iyo ngingo ishobora kwongereza intambara mu karere k’uburasirazuba bwo hagati.
Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May yavuze ko atemerenya n’iyo ngingo yafashwe hataraba amasezerano y’amahoro muri ako karere.
Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron nawe kuri uyu wa mbere yaneguye ubwicanyi mu ntara ya Gaza, aho abasirikare ba Isirayeli bishe Abanyepalestina 52 mu gihe batana mu mitwe ku rubibe. Macron yavuze ko yagabishije akatari gake ku nkurikizi y’iyo ngingo ya Trump yo kwemeza Yerusalemu nk’umurwa mukuru wa Isirayeli.
Abandi baneguye iyo ngingo ni umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Sergei Lavrov hamwe n’abategetsi b’ibihugu vy’Abarabu.
Amakungu Aranegura Ingingo Amerika Yafashe yo Kwugurura Ambasade i Yerusalemu

Facebook Forum