Uko wahagera

Igitero c'Iterabwoba Cahitanye Umuntu i Paris


France Knife Attack

Igisigara ca Paris, congeye kuja mubihe bidansanzwe vyo kugandarira umuntu yishwe mu gitero c’iterabwoba cabaye kuri uyu wa gatandatu.

Umunya Checheni afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa yadukanye imbugita mu bantu atangura gucumita bamwe muribo. Yashoboye kugandagura umuntu umwe, yongere akomeretsa abandi bane. Uwo musore yagize ico gitero yari azwi n'igipolisi akaba kandi yari kurutonde rw’abakekwa iterabwoba m'Ubufaransa.

Abategetsi bavuga ko kuba yabashije gukora ico gitero, n'ikimenyetso c’uburemere bw’ikibazo gihanze igihugu mu bijanye n’ubugizi bw’iterabwoba bubandanya kugigwa n’umugwi w’abagwanyi baharanira reta ya ki Islamu.

Amazina ashika ku bihumbi bibiri n' amajana atandatu n’iyo ari kurutonde rw’abakekwa ubugizi bw'iterabwoba. Yamara nta buryo buhari bwo gukurikirana hafi buri umwe umwe mu bari kur'uwo rutonde. Olivier Guitta, umuhinga ajejwe gukurikiranira hafi iterabwoba i buraya, akaba ayoboye ikigo mpuzamakungu kijejwe kugwanya iterabwoba GlobalStrat mu bwongereza, avuga ati “Naho ibikogwa vyo guperereza no kumenya abagwanyi b’intambara ntagatifu ya jihadi bikogwa neza cane, ikibazo n’uko atabajejwe umutekano bashinzwe ugukurikiranire hafi ubuzima bwa misi yose bw'igice na gito c’abakekwa iterabwoba”

Uwo muhinga yibutsa kandi ko Ubufaransa bubandanya kuba igihugu ca mbere mu bihugu vya buraya abagwanyi ba jihadi bafise imigambi yo ku giramwo ibitero vy'iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG