Uko wahagera

USA: Abavyeyi Bitwaza Abana mu Kujabuka Urubibe mu Mpisho Bafatiwe Ingingo


Umushikiranganji w'Amerika ajejwe ubutungane Jeff Sessions mu kiganiro n'Abamenyeshamakuru hafi y'Urubiba na Mexikeashikiriza ingingo nshasha ku bimukira

Reta ya Trump igiye kwongereza ibihano ku bavyeyi binjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu buryo buteye kubiri n’amategeko kandi babatandukanye n’abana babo kugira bace intege abandi bipfuza kujabuka imbibe z’Amerika mu mpisho.

Umushikiranganji w’ubutungane yagabishije abavyeyi ati: “Nimba winjiye muri Amerika witwaje umwana, tuzogukurikirana mu butungane, hanyuma tukwambure umwana nkuko amategeko abivuga." Jeff Sessions yabivuze kuri uyu wa mbere mu gisagara ca Scottsdale, muri reta ya Arizona, mu kiganiro cerekeye gukomeza amategeko . Yongeye ati: "Nimba ivyo mutabikunda, ntimuzosubire kwizanisha abana ku rubibe rwacu."

Sessions yavuze ko abantu bakuze bazofatwa binjiye muri Amerika biteye kubiri n’amategeko bazoca barungikwa mu butungane. Abana babo nabo bazoca barungikwa mu kigo kijejwe abimukira naco kizoce kibaha abo mu miryango yabo baba muri Amerika canke bashirwe mu bigo vy’abikorera utwabo bibatunge.

Abategetsi b’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati bavuze ko babonye abajabuka urubibe mu buryo buteye kubiri n’amategeko bariyongereye mu mwaka uheze, harimwo n’ibitigiri vy’imiryango hamwe n’abana batagira abavyeyi.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG