Uko wahagera

PAKISTANI: Umushikiranganji Wa Reta Aracitse Kw'icumu


FILE - Pakistan's Interior Minister Ahsan Iqbal speaks to media outside the accountability court in Islamabad, Pakistan, Oct. 2, 2017.
FILE - Pakistan's Interior Minister Ahsan Iqbal speaks to media outside the accountability court in Islamabad, Pakistan, Oct. 2, 2017.

Ahsan Iqbal, umushikiranganji wa Pakistani ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu aracitse kw’icumu mu gitero cagizwe kuri we mu ntara ya Punjab hagati mu gihugu.

Igipolisi kiremeza ayo makuru, congerako yuko uwo mushikiranganji yarashwe mu gitugu c’ukuboko kw’uburyo. Iqbal yaciye atwagwa vyihuta kw’ivuriro riri hafi yaho ico gitero cabereye. Abaganga bamenyesha ko amagara yiwe atabangamiwe cane. Yaciye akugwa kuri iryo vuriro atwaga na kajugujugu k’umugwa mukuru i Lahore aho abandanya kuvugwa.

Iqbal yarashwe n'inkoho incuro zibiri aho yariko yururira umuduga avuye mu kibanza cabereyemwo inama n’abanyagihugu mu ntara aturukamwo.

Umwe mu bategetsi bakuru b’igipolisi c’ako karere, yabwiye abamenyeshamakuru yuko uwagize ico gitero yari umusore umwe w’imyaka mirongo ibiri irengako mike, ubu akaba ari mu minwe y’igipolisi.

Uwo musore yagize ico gitero yabwiye igipolisi ko yari afise umugambi wo kwica uwo mutegetsi kubera badasangiye idini n’ivyiyumviro vya politike.

Mw’itanganzo ryasohowe n’umushikiranganji mukuru wa Pakistani Shahid Khagan Abbasi, aranegura ico gitero yongera asaba igipolisi gutanga icegeranyo c’amatohoza y'ico gitero mu maguru masha.

Reta zunze ubumwe za Amerika yasohoye urwandiko nayo nyene inegura ico gitero kur'uwo mushikiranganji, yongere imwipfuriza gukira bidatevye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG