Uko wahagera

Ubukene Butuma Abavyeyi Bagurisha Abana Babo muri Afuganistani


Abapfakaye kubwo intambara barakenye muri Afughanistani
Abapfakaye kubwo intambara barakenye muri Afughanistani

Umuvyeyi w’abana babiri muri Afuganistani yaragurishije umwana wiwe w’umukobwa w’imyaka itanu kugira aronke amafaranga yo kuvuza muramuwe arwaye Kanseri yo mu maraso.

Uwo muvyeyi azwi kw’izina rya Obaidah, aba mu ntara ya Faryab muri Afughanistani, avuga ko yabikoze kugira arokore ubuzima bwa murumuna w’umugabo wiwe, ahitamwo kugurisha uwo mwana ku muryango wubatse ariko utaronse amahirwe yo kuvyara.

Ayo makuru amaze kwamamazwa ku mbuga ngurukana bumenyi, abategetsi bo muri iyo ntara hamwe n’izindi ncuti baciye batororokanya amafaranga baha uyo muvyeyi abona gusubirana umwana wiwe.

Urwo rudandazwa rw’uwo mwana, ni rumwe mu zindi zagaragaye muri Afuganistani, aho ubukene, imyenda hamwe n’ubuzima butoroshe mu miryango bituma abavyeyi bagurisha abana babo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG