Abantu 49 barabuzwe irengero ku musi wa gatatu, inyuma y’umusi umwe inyubakwa ndende y’amagorofa 24 ihiye igasenyuka hagati mu gisagara ca Sao Paulo, muri Brezil, nkuko abajejwe gutabara babivuga.
Ariko ntibiramenyekana ko abo bantu babuzwe bari muri iyo nyubakwa, igihe yasenyuka.
Abajejwe kuzimya imiriro ejo ku musi wa gatatu bariko bafashwa n’imbwa karuhariwe mu kurondera abantu kugira barabe ko hari aboba bagihema.
Iyo nyubakwa yahoze ikoreramwo igiporisi, yabamwo imiryango 146 ya ba ntahonikora kandi yari ishaje idakwije ibisabwa n'amategeko.
Perezida Michel Temer wa Brezil yarashitse kuri ico kibanza, yakirwa n’akaruru k’abanyagihugu bamwiyamiriza, bavuga ko bakeneye uburaro bwiza.
Sao Paulo, ni igisagara kibamwo imiliyoni 12 z’abantu, nico gisagara kibamwo abantu benshi muri Amerika yo mu bomanuko, ivugwamwo ururimi ry’ikiEspanyole. Imiryango ikenye yikoraniriza hamwe ikaja kuba mu mazu yahebwe.
Facebook Forum