Uko wahagera

USA: Abimukira Bakoresha Abana nk'Abaja Ntibazihanganirwa


Mohamed Toure
Mohamed Toure

Umuhungu w’uwahoze ari Perezida wa Guinee, Ahmed Sekou Toure yagirizwa n’ubutungane bwo muri reta ya Texas, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kuba yarakoresheje umwana ibikorwa biruhije vyo mu rugo, mu kumurerera abana, atamuhemba.

Mohamed Toure, w’imyaka 57, hamwe n’umukenyezi wiwe Denise Cros-Toure, w’imyaka 57 nyene, bapfungishijwe icamaso mu rugo rwabo, bagirizwa ko bazanye umwana w’umukobwa agifise imyaka itanu bamukuye muri Guinee kandi bamutegeka kurera abana babo mu kiringo c’imyaka 16 adahembwa.

Mugihe yokwagirwa n’ico caha, bashobora kuzopfungwa imyaka 20.

Uwo mwana w’umwigeme yabwiye abategetsi ko atigeze ahembwa, atigeze ashirwa mw’ishure, ntiyigeze avuzwa kandi ko yakubaguwe igihe inabuja atashimishwa n’ibikorwa vyiwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakozi rivuga ko abantu barenga imiliyoni 40 kw’isi bakoreshwa nk’abaja mu buryo nk’ubwo mu ngo z'abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG