Uko wahagera

Igihugu ca Irani Kiragabisha ko Gishobora Kwihora Isirayeli


Perezida wa Siriya, Hassan Rouhani avuga mu nama mu buraruko bw'igisagara ca Tabriz, Irani, itariki 25/04/2018.
Perezida wa Siriya, Hassan Rouhani avuga mu nama mu buraruko bw'igisagara ca Tabriz, Irani, itariki 25/04/2018.

Umutegetsi akomeye wa Irani yemeje kuri uyu wa kabiri i Damas ko igihugu ciwe kigiye kuzokwihora igitero cakozwe na Isirayeli ku makambi ya gisirikare muri Siriya ahari abahanuzi b’Abanya-Irani.

Abarwanyi bashika 26 barwiriyemwo Abanya-Irani, barishwe ku musi w’Imana muri Siriya na Misile zatewe ku birindiro vy’abasirikare ba Siriya, soma mbike na Irani, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe ryo muri Siriya rikurikirana ivy’agateka kazina muntu.

Igihugu ca Isirayeli ntigikunze kwemera ko kigaba ibitero muri Siriya.

Mu ndwi ziheze abategetsi ba Isirayeli ntibahengeshanya kuvuga ko Irani gishinze imizi muri Siriya gufasha ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG