Uko wahagera

OMS Yariciwe Umukozi i Mogadishu


Abakozi bakora mu gisata c'Ubuganga batwaye ikiziga c'umuntu yishwe na bombe in Mogadishu, Somalia, itariki 25/03/2018.
Abakozi bakora mu gisata c'Ubuganga batwaye ikiziga c'umuntu yishwe na bombe in Mogadishu, Somalia, itariki 25/03/2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS rimenyesha ko umwe mu bakozi baryo yishwe arashwe ku murwa mukuru wa Somaliya.

Umutegetsi wa OMS yabwiye Ijwi ry’Amerika ko umwigeme Mariam Abdullahi, yakora mu gisata co gutanga urucanco rw'indwara y'ubukangwe, yiciwe i Mogadishu ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri.

Uwo mutegetsi yavuze kandi ko Abdullahi yakorera mu gisagara ca Baidoa ariko ko yari amaze imisi i Mogadishu. Umwe mu bo mu muryango wiwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yari yagiye i Mogadishu kugura bimwe mu bikoresho vyo munzu kuko yari yimirije ubugeni.

Ababonye igihe yaraswa bavuze ko yishwe n’umuntu yitwaje inkoho ntoya yo mu bwoko bwa Pistolet aho yari mw’isoko i Mogadishu.

Nta muhari n’umwe uremanga ko ariwo wamwishe.

Mu kwezi kwa gatatu, itariki 28, uwundi mukozi wa Croix Rouge yarishwe n’igisasu cari catezwe ku modoka yiwe. Al-Shabab yaremeye ko ariyo yamwishe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG