Uko wahagera

Abantu 37 Barimwo Abanyamakuru 10 Barishwe mu Bitero i Kabul


A child jumps to touch lanterns hung on a tree ahead of the Chinese Lunar New Year celebrations in Beijing.
A child jumps to touch lanterns hung on a tree ahead of the Chinese Lunar New Year celebrations in Beijing.

Abantu bashika kuri 37, barimwo uwufata amafoto akorera itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP hamwe n’abandi bamenyeshamakuru icenda barishwe ku musi wa mbere muri Afuganistani. Ni mu bitero bitandukanye vyabereye ku murwa mukuru Kaboul no mu bumanuko bw’igihugu.

Uwuserukira inteko z’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero rijejwe kwivuna abansi, OTAN yavuze ko umusirikare wa Reta zunze ubumwe z’Amerika nawe yishwe uwundi arakomereka kuri uyu wa mbere mu ntambara zabereye mu buseruko bwa Afuganistani. Yavuze kandi ko abasirikare benshi ba Afuganistani bapfuye abandi barakomereka.

Umuhari w’iterabwoba wa Reta ya Kiyisilamu wiyemereye ko ariwo wagavye ivyo bitero i Kaboul.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters Sans Frontieres ritangaza ko arico gitero ca mbere gihitanye abamenyeshamakuru benshi kuva intwaro y’aba Talibani isenyuwe muri Afuganistani mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka wa 2001.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG