Uko wahagera

Prezida wa Nijeriya mu Rugendo i Washington


Shugaba Buhari A Taron Shugabannin Jam’iyyar APC Inda Ya Bayyana Niyyarsa Na Sake Neman Wa'adin Shugabanci
Shugaba Buhari A Taron Shugabannin Jam’iyyar APC Inda Ya Bayyana Niyyarsa Na Sake Neman Wa'adin Shugabanci

Umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari yiteguriye kubonana na prezida wa Amerika Donald Trump kuri uyu wa mbere I Washington.

Abo bategetsi babiri biteguriye kuganira ku kibazo c’iterabwoba n’iterambere ry’ubutunzi muri Nijeriya, igihugu ca mbere gituwe kurusha ibindi muri Afrika. Nijeriya igizwe n’abanyagihugu imiriyoni amajana abiri.

Igihugu ca Nijeriya kimaze igihe gihanzwe n’ibitero vy’umugwi w’iterabwoba wa Boko Haram watanguye ibitero vyawo haciye imyaka icenda. Uwo mugwi ufise umugambi wo gushinga reta igendera kumategeko y'idini rya kisilamu.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baramaze kwicwa, abana b’abakobwa amajana n’amajana baranyuruzwa. Boko Haram yagiye urakomera mu myaka iheze uhava ijabuka kugira ibitero mu bihugu bibanyi na Nijeriya mu karere ka Sahel mu burengero bwa Afurika.

Mu mwaka uheze, reta ya Trump yiyemeje guha imfashanyo y’amamiriyoni amajana atandatu y’amadolari igihugu ico gihugu. Ayo mafaranga agenewe gufasha Nijeriya kugura indege zo mu ngwano zigezweho, ibikoresho vyo kugwanya Boko Haram n’abagwanyi baharanira reta ya kisilalmu. Iyo mfashanyo izofashisha kandi Nijeriya kugura ivyuma vyo kugwanya ikoreshwa ry’ibiyayurabwenge mu gihugu, gusuzuma igurushishwa ry’ibigwanisho n’abantu bitemewe n’amategeko.

Uwo mugambi wa Amerika wo gufasha Nijeriya wahagaritswe kuri reta ya Prezida Obama, yagirije ico gihugu kuba caranzwemwo ihonyagwa ry’agateka ka muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG