Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaratoye ibibanza bitanu bibaza ko vyahambwemwo abantu ikivunga mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, ahamaze imyaka yababa 20 habera intambara z’amoko.
Raporo nshasha ivuga ko abasirikare ba ONU babungabunga amahoro batoye imva zahambwemwo abantu benshi mu kwezi guheze mu ntara ya Ituri, ahaheruka kubera imirwano yasambuye ibisagara n’imihana kandi aho abantu barenga 260 bishwe.
Abategetsi ba Kongo bavuga ko bataramenya ivy'izo mva rusangi, basaba ONU kubaha iyo raporo.
Intambara zo gupfa ubutaka, politike hamwe n’ibindi, zama zabaye hagati y’amoko y’aba Hema n’aba Lendu, zatanguye mu buseruko bwa RDC mu mwaka w’i 1999.
Ibihumbi amajana vy’aba Hema barataye ingo zabo bajabuka ikiyaga Albert, baja guhungira muri Uganda mu gihe abandi bahungiye mu yindi mihana.
Facebook Forum