Uko wahagera

Angela Merkel Azagenderera Amerika


Chancellier w'Ubudagi Angela Merkel mu nama y'abakuru b'ibihugu vya Buraya i Buruseli, mu Bubiligi, itariki 23/03/2018.
Chancellier w'Ubudagi Angela Merkel mu nama y'abakuru b'ibihugu vya Buraya i Buruseli, mu Bubiligi, itariki 23/03/2018.

Chancellier w’Ubudagi, Angela Merkel, yitezwe kuri uyu wa gatanu mu rugendo rw’umusi umwe rw’akazi, akurikiye mugenzi we w’Ubufaransa Emmanuel Macron yari amaze imisi itatu mu rugendo nk’urwo muri Amerika.

Izo ngendo z’abo bategesi babiri zibonwa nk’utwigoro barimwo two kugondoza Perezida Donald Trump ngo ntavavanure n’amasezerano ya Nikleyeli na Irani, kandi yorohereze ibihugu bihurikiye mu muryango w’ubumwe bwa Buraya mu kubikurako amahoro ku bidandazwa vy’ivyuma vya "acier" na "aluminium".

Nile Gardiner, Umuyobozi w’ikigo citiriwe Margaret Thatcher, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yiteze ko Merkel azanye inguvu zirenze iza mugenzi we w’Ubufaransa mu kugondoza reta ya Trump kuri ivyo bibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG