Uko wahagera

Magufuli Yasavye EALA Gufasha Gutorera Inyishu Ibibazo vy'Akarere


Perezida John Magufuli wa Tanzaniya
Perezida John Magufuli wa Tanzaniya

Perezida wa Tanzaniya yahamagariye abagize inama nshingamateka y'umuryango w'Afurika y'Ubuseruko gufasha bimwe biboneka kugira indyane za politike zihitana ubuzima bw’abantu mu karere zihere.

Perezida John Pombe Magufuli yabishikirije mw'ijambo yavugiye mu nama nshingamateka y’umuryango w’Afrika y’ubuseruko ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yibukije abashingamateka baserukira ibihugu bitandatu bigize umuryango w’Afrika y’ubuseruko ko ari bo babwirizwa kubera abanyagihugu abavugizi kugira ingorane z’umutekano bafise zihere.

Perezida Magufuli, ati nta na hamwe mufise muhungira ingorane z’abo muserukira mu karere kose.

Yanavuze n’ikibazo c’imigenderanire itifashe neza ati:Ni mwe mubwirizwa kuzitorera umuti, hari indyane z’intambara, murahazi namwe ahari intambara zihitana abantu. Ikindi ni ubumwe hagati y’Abanyafrika y’ubuseruko guhera ku bakuru b’ibihugu, abashikiranganji, abashingamateka n’abandi cane cane abanyagihugu bato bato.

John Pombe Magufuli yaranavuze ikibazo c’ubutunzi. Yibutsa ko akarere gatunze ariko abanyagihugu batabona inyungu ziva muri ubwo butunzi.

Abashingamateka barashimiye umukuru w’igihugu ca Tanzaniya. Na bo nyene bemeza ko bafise uruhara rukomeye mu gutora umuti w’ibibazo biri mu karere.

Ibikorwa vy’inama nshingamateka vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, biriko bibera i Dodoma, ku murwa mukuru wa Politike w’ico ghugu.

Magufuli yaciye aha umubonano umukuru w’iyo nama nshingamateka Martin Ngoga, kugira bavugane ibindi bibazo bihanze akarere n’ingene vyotorerwa umuti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG