Uko wahagera

Kabila Yoba Atinya ko Inama ya SADC Imusaba Kuva ku Butegetsi


Perezida Joseph Kabila mu nama y'ibihugu vya SADC i Pretoria, Itariki ya 4/11/2013.
Perezida Joseph Kabila mu nama y'ibihugu vya SADC i Pretoria, Itariki ya 4/11/2013.

Abategetsi ba Republika iharanira Demokarasi ya Kongo bamenyesha ko Perezida Joseph Kabila atitaba inama y’iterambere ry’ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika, SADC igamije kwihweza utwigoro reta irimwo two gutegura amatora no kubungabunga amahoro mu gihugu.

Umutegetsi wa reta ya Kongo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Kabila mu gishingo ciwe ashobora kurungika umushikiranganji wiwe wa mbere, Bruno Tshibala muri iyo nama ibera i Luanda, ku murwa mukuru wa Angola kuri uyu wa kabiri. Ariko ibiro vya perezida ntaco biravuga kuri iyo nama.

Martin Fayulu, wo mu runani "Rassemblement" ruhurikiyemwo abatavugarumwe n’ubutegetsi, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo nama ishobora gusaba Kabila gutanga ubutegetsi kugira igihugu gitunganye amatora mu mutekano.

Ishirahamwe SADC ryaruguruye ibiro mu ndwi iheze i Kinshasa mu ntumbero yo gushigikira ico gihugu mugihe kiri mu myiteguro y’amatora kandi n'umutekano udashemeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG