Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yitezwe muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa mbere kubonana na mugenzi we Donald Trump, kugira amwumvishe ko ari nkenerwa ko Amerika igumiza abasirikare bayo muri Siriya, ndetse n’inyuma y'igihe bazonesha burundu umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu.
Perezida Macron, mu kiganiro yahaye Televiziyo Fox News yo muri Amerika kuri uyu w’Imana ari ku kirimba iwe Champ Elysee i Paris, yavuze ati: "Tuzokwubaka Siriya ukundi gusha inyuma y’intambara. Nico gituma nibaza ko uruhara rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika ruhambaye cane."
Yavuze ko Amerika ari kirumara mu kugarukana amahoro arama muri Siriya, yongera ati: Mugihe twovayo, tuzoba dusigiye urubuga ubutegetsi bwa Irani na perezida wa Siriya Bashar, kandi ivyo bihugu vyoca bitegura iyindi ntambara.
Trump yavuze ko yipfuza gukura abasirikare b’Amerika bashika ibihumbi bibiri muri Siriya mu bihe vya vuba.
Macron yitezwe i Washington kuri uyu wa mbere mu rugendo rw’imisi itatu mu mibonano, yitezwe gushikiriza ijambo Kongere y’Amerika, no kwitaba ibindi birori aho azosangirira hamwe na Perezida Trump.
Uru rugendo rubaye mugihe umurwi mpuzamakungu w’abatohoza ku birwanisho vy’ubumara bavuze ko bamaze gutororokanya ibimenyetso vya mbere ahabereye igitero c’ubumara haraheze indwi zirenga zibiri mu gisagara ca Douma muri Siriya.
Facebook Forum