Uko wahagera

Zimbabwe Cahimbaje Imyaka 38 Cikukiye


Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, mu gihe igihugu cibuka imyaka 38 cikukiye, Harare, itariki 18/04/2018.
Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, mu gihe igihugu cibuka imyaka 38 cikukiye, Harare, itariki 18/04/2018.

Abanyazimbabwe bahimbaje umusi w’ukwikukira w’igihugu cabo. Bahimbaje uwo musi mu gihe bahanganye n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi bidandanya. Ivyo bibazo birimwo ukubura kw’amafaranga n’urugero rw’ubushomeri ruri hejuru cane.

Ibitaro bikomeye vya Reta mu gihugu vyarugawe inyuma yuko Reta inyuma yuko Reta yirukanye abaforoma n’abaforomakazi barenga ibihumbi cumi na bitandatu. Birukanywe kubera bari bagararije akazi mu kuvuga ko imishahara yabo iri hasi kandi uburyo bakoraremwo budashemeye.

Mu gihe amatora ya mbere y’inyuma y’igihe ca Mugabe ariko aregereza, bamwe mu banyazimbabwe barafise icizere. Abandi bariruhutsa kubera ari ubwa mbere bahimbaje umusi w’ukwikukira Robert Mugabe atari ku butegetsi.

Ku musi nk'uyu, Mugabe igihe yari Prezida, mu majambo akarishe yashikiriza, yakunda kwifatira mu gahanga ibihugu vyo mu burengero bw’isi n’abatavuga rumwe nawe.

Prezida mushasha wa Zimbabwe, Emmerson Mnangangwa, yemeye gutunganya gushasha inzego z’igihugu n’ugusubira kuvugana n’abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’abategetsi b’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

Yatangaje kandi ko ashaka kugarukana igihugu ciwe mu muryango w’ibihugu bigizwe ahanini n’ivyahoze bikolonijwe n’Ubwongereza, Commonwealth. Ivyo inyuma yuko Mugabe avuye muri uyo muryango mu mwaka w’i 2003.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG