Uko wahagera

Abana Barenga 200 Bakuwe mu Mirwi y'Abarwanyi muri Sudani y'Epfo

قطعات کوچک کاغذ رنگی با تحویل سال نو میلادی فضای میدان تایمز نیویورک را پر کردند. جشن سال نو امسال در این میدان برخلاف گذشته، به دلیل همه‌گیری کرونا، تقریبا خالی از جمعیت بود.
قطعات کوچک کاغذ رنگی با تحویل سال نو میلادی فضای میدان تایمز نیویورک را پر کردند. جشن سال نو امسال در این میدان برخلاف گذشته، به دلیل همه‌گیری کرونا، تقریبا خالی از جمعیت بود.

Abana barenga 200 bahoze mu mirwi y'abarwanyi muri Sudani y’epfo bararekuwe kuri uyu wa kabiri mu birori vyabereye i Bakiwiri, hafi y’igisigara ca Yambio.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku bana UNICEF rigereranya ko abana bashika ku bihumbi 19 muri Sudani y’ubumanuko bakiri mu mirwi y’abarwanyi mu gihugu cose.

Bamwe muri abo bana barekuwe kuri uyu wa kabiri bari batwawe n’umuhari w’abarwanyi South Sudan Liberation Movement, SSLM, abandi bari batwawe n’umuhari SPLM.

Bwabaye ubugira kabiri harekuwe abana benshi bahoze bari mu mihari y'abarwanyi. Aba mbere barekuwe mu kwezi kwa kabiri, igihe abarenga 300 basubizwa mu miryango yabo abandi bashirwa mu bigo aho bafashwa na UNICEF.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG