Uko wahagera

Tanzaniya: Abashika 14 Barishwe n'Imvura i Dar es Salaam


ستاد فرماندهی مرکزی ایالات متحده آمریکا موسوم به سنتکام اعلام کرد دو فروند بمب‌افکن بی‌ـ‌۵۲ با پرواز مستقیم و با سوختگیری هوایی از پایگاهی در ایالت داکوتای شمالی راهی خاورمیانه شدند.
ستاد فرماندهی مرکزی ایالات متحده آمریکا موسوم به سنتکام اعلام کرد دو فروند بمب‌افکن بی‌ـ‌۵۲ با پرواز مستقیم و با سوختگیری هوایی از پایگاهی در ایالت داکوتای شمالی راهی خاورمیانه شدند.

Abantu bashika kuri 14 barapfuye i Dar es Salaam, umurwa mukuru wa Tanzaniya, bahitanwe n’imyuzure y’imvura nyinshi yaguye mu mpera z’indwi iheze, ivyo vyashikirijwe na Komanda w’igiporisi c’intara ya Dar es Salaam, Lazaro Mambosasa.

Ibimenyeshamakuru vyo muri ako karere bivuga ko iyo mvura yaguye no mu ntara za Arusha, Shinyanga, Mwanza na Kagera.

Buramatari w’intara ya Dar es Salaam, Paul Makonda, yategetse ko amashure y’intango yugara imisi ibiri mu bice vyabangamiwe cane.

Abategetsi ba Tanzaniya baciye barahagarika ubukerarugendo mw’ishamba ry’iratiro ry’i Manyara, mu buraruko bw’igihugu, ku bwo amabarabara ajayo yononekaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG