Uko wahagera

Kenya: Batatu mu Bagize Komisiyo y'Amatora Batanze Imihoho


Umukuru wa Komisiyo yigenga muri Kenya, Ezra Chiloba mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, i Nairobi, Kenya
Umukuru wa Komisiyo yigenga muri Kenya, Ezra Chiloba mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, i Nairobi, Kenya

Ugusubiranamwo mu bagize Komisiyo yigenga ijejwe gutunganya amatora muri Kenya, kurabandanya, inyuma y’amezi yababa indwi amatora arangiye. Batatu bari muri uyo murwi ku musi wa mbere bahisemwo gutanga imihoho, bavuga ko uyo murwi udakora neza kandi hari abivanga mu bikorwa vyawo.

Abo batanze imihoho bavuga ko bawuvuyemwo bisunze amakenga yashikirijwe inyuma y’ivyavuye mu matora yo mu kwezi kwa cumi.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ejo ku musi wa mbere i Nairobi, Margaret Mwachanya umwe muri abo batanze imihoho yavuze ko abarongozi bayo bananiwe n’igikorwa bajejwe.

Abari kw’isonga ry’iyo komisiyo baracanyemwo hageze kumenya uburyo bwiza botunganyamwo amatora yo mu mwaka wa 2017 hamwe no kudahuza ku bibazo bijanye no kugura ibikoresho vy’amatora.

Sentare nkuru muri Kenya yarahakanye ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa munani, ivuga ko komisiyo iyategura itubahirije ibwirizwa shingiro hamwe n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG