Uko wahagera

Reta Ziyunze z'Abarabu Cahagaritse Kumenyereza Abasirikare ba Somaliya


Abasirikare ba Somaliya bari mu myimenyerezo ya gisirikare bahabwa na Reta ziyunze z'Abarabu, Mogadishu, Somaliya, itariki 20/01/2016.
Abasirikare ba Somaliya bari mu myimenyerezo ya gisirikare bahabwa na Reta ziyunze z'Abarabu, Mogadishu, Somaliya, itariki 20/01/2016.

Inyuma y’aho abajejwe umutekano muri Somaliya bafatiye imiliyoni 9,6 z’Amadolari zari mu ndege yo muri Reta ziyunze z'Abarabu ku kibuga c’indege c’i Mogadishu, ico gihugu caciye gihagarika ibikorwa vyo kumenyereza abasirikare ba Somaliya cari catanguye mu mwaka w’2014.

Igihugu ca Reta ziyunze z'Abarabu cavuze ko izo miliyoni $9,6 z’amadolari y’Abanyamerika yari imishahara y’abasirikare 2407 ba Somaliya hamwe no gukoresha mu bigo bitatu abo basirikare bamenyererezwamwo.

Indege yarimwo isakoshi irimwo ayo mafaranga yashitse ku kibuga c’indege c’i Mogadishu kw’itariki 8 y’ukwezi kwa kane.

Reta ya Somaliya yavuze ko ayo mafaranga ari muri banki nkuru y’igihugu mu gihe hagikorwa amatohozwa ko yoba yari azaniwe abasirikare canke gupfumbatisha Abanyepolitike kugira bahungabanye umutekano mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG