Uko wahagera

Reta ya Siriya Iragabishwa na USA ku Bindi Bitero


Nikki Haley, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU, mu nama ijejwe umutekano biga ku kibazo ca Siriya i New York, itariki 12/03/2018.
Nikki Haley, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU, mu nama ijejwe umutekano biga ku kibazo ca Siriya i New York, itariki 12/03/2018.

Nikki Haley, Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU, kuri uyu musi w’Imana yagabishije Perezida wa Siriya Bashar al-Assad ko mugihe yohirahira akagaba ikindi gitero akoresheje ivyuka vy’ubumara, Amerika zoca zitera izindi Misile reta yiwe.

Haley yabwiye Televiziyo Fox News yo muri Amerika, ati :"Nimba Assad ataco yabonye ku musi wa gatandatu igihe Reta zunze ubumwe z’Amerika, Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa vyatera Misile 105 ku bibanza bitatu bibitse ivyuka vy’ubumara azokwibonerako."

Mu kindi kiganiro yahaye ikinyamakuru CBS News, yavuze ko ibindi bihano ku Burusiya, busanzwe bufise abasirikare muri Siriya bafasha reta ya Assad, bishobora gutangazwa kuri uyu wa mbere. Ivyo navyo bizofatirwa amashirahamwe yose yagize uruhara mu gufasha guhingura ivyo vyuka vy’ubumara vyakoreshejwe muri Siriya.

Ivyo bitero kuri reta ya Siriya vyabaye ku kwishura igitero cagabwe mu gisagara ca Douma. Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ibihugu bicuditse vyagirije abasirikare ba Assad ko bakoresheje ivyuka vy’ubumara, ariko Uburusiya na Siriya vyabandanije bibihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG