Uko wahagera

USA: Umutamakazi Barbara Bush Arakitswe n'Amagara


Uwahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika George H.W. Bush hamwe n'umukenyezi wiwe, Barbara Bush, bariko barorera urukino rwa basketball i Houston, Texas, Itariki 29/03/2015.
Uwahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika George H.W. Bush hamwe n'umukenyezi wiwe, Barbara Bush, bariko barorera urukino rwa basketball i Houston, Texas, Itariki 29/03/2015.

Barbara Bush, umukenyezi w’umwe mu bahoze barongoye Reta zunze ubumwe z’Amerika, arakitswe n’amagara ku buryo yahisemwo kubwira abaganga ko bamureka akava mu bitaro akabandanya akurikiranirwa mu rugo iwe.

Ibiro vy’umugabo wiwe, George Herbert Walker Bush, vyatangaje ku musi w’Imana ko uwo mutamakazi w’imyaka 92 yafashe iyo ngingo inyuma yo gutwarwa mu bitaro incuro zitari nke, kandi inyuma yo kuvugana n’umuryango wiwe hamwe n’abaganga bamukurikirana.

Iryo tangazo ntiryatomoye indwara yariko aravurwa, ariko Televiziyo CNN yo muri Amerika yavuze ko abangamiwe n’indwara zo mu mahaha hamwe no mu mutima.

Barbara Bush, yabaye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu mu kiringo co kuva mu mwaka w’1989 gushika mu 1993, igihe umugabo wiwe yari perezida wa 41 w’Amerika. Barbara Bush kandi ni umuvyeyi wa George Walker Bush, nawe nyene yabaye perezida w’Amerika agira 43.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG