Uko wahagera

Isirayeli: Sentare Yarekuje Abimukira bari Bapfunzwe


Abimukira b'Abanyafrika inyuma yo kurekurwa mw'ibohero bari bapfungiwemwo ry'i Saharonim mu bugararwa bwa Negev, Isirayeli, Itariki 15/04/2018.
Abimukira b'Abanyafrika inyuma yo kurekurwa mw'ibohero bari bapfungiwemwo ry'i Saharonim mu bugararwa bwa Negev, Isirayeli, Itariki 15/04/2018.

Abimukira barenga 200 b’Abanyafrika bari bapfungiwe mw’ibohero ryo mu bumanuko bwa Isirayeli bararekuwe kuri uyu musi w’Imana, inyuma y’ingingo ya sentare nkuru y’ico gihugu. Ivyo vyatangajwe n’ibiro bikurikirana uruja n’uruza rw’abantu.

Abategetsi ba Isirayeli bari bimuriye mw’ibohero ry’i Saharonim, abimukira bari mu kigo c’i Holot bari bacungerewemwo ivy’agateganyo kuko bari banse kuva muri Isirayeli.

Sentare y’ico gihugu yari yategetse ko barekurwa mu gihe ata masezerano azoba arashikwako hagati ya Isirayeli n’ibindi bihugu vyiteguye kuzobakira.

Igihugu ca Uganda camenyesheje ku musi wa gatanu ko gishobora kwakira ku butaka bwaco abimukira 500 b’abanya-Eritreya na Sudani babaye muri Isirayeli mu buryo buteye kubiri n’amategeko ico gihugu kigira cirukane.

Reta ya Isirayeli yabahitishijemwo gutaha ku bushake bwabo ikabatekerera amadolari 3.500, atari uko bakazopfungwa, bakazorekurwa ari uko bemeye kuva mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG