Tombola ya kimwe ca kabiri c’igikombe c’imirwi y’umupira w’amaguru yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya yabaye uno musi ku wa gatanu mu gisagara ca Nyon, mu gihugu c’Ubuswise.
Umurwi Real de Madrid wo mu gihugu ca Espanye uzohura n’umurwi Bayern Munich wo mu gihugu c’Ubudagi mu gihe umurwi Liverpool wo mu gihugu c’Ubwongereza uzokina n’umurwi AS Roma wo mu gihugu c’Ubutaliyano.
Iyo mirwi izohura incuro zibiri. Inkino za mbere zizoba kw’italiki 24 n’italiki 25 z’uku kwezi kwa kane mu gihe inkino za kabiri zizoba kw’italiki imwe n’italiki zibiri z’ukwezi kwa gatanu.
Urukino rw’igice ca nyuma c’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya ruzoba kw’italiki 26 z’ukwezi kwa gatanu mu gisagara ca Kiev mu gihugu ca Ukraine.
Naho ku vyerekeye tombola ya kimwe ca kabiri c’igikombe ca Europa League yabaye uno musi ku wa gatanu, umurwi Arsenal wo mu Bwongereza uzohura n’umurwi Atletico Madrid wo muri Espanye, mu gihe Olympique de Marseille wo mu gihugu c’Ubufransa uzohura na Salzburg wo mu gihugu ca Autriche.
Iyo mirwi izohura incuro zibiri. Inkino za mbere zizoba kw’italiki 26 z’ukwezi kwa kane, mu gihe inkizo za kabiri zizoba kw’italiki zitatu z’ukwezi kwa gatanu.
Urukino rw’igice ca nyuma c’igikombe ca Europa League ruzobera mu gisagara ca Lyon mu gihugu c’Ubufransa kw’italiki 16 z’ukwezi kwa gatanu.
Facebook Forum