Uko wahagera

Papa Aremeza ko Yavyifashemwo nabi ku Kibazo c'Abakorewe Amabi muri Chili


Papa Francisiko ashitse i St.Peter's Square i Vatican gushikiriza ijambo rya buri ndwi, itariki 11/04/2018.
Papa Francisiko ashitse i St.Peter's Square i Vatican gushikiriza ijambo rya buri ndwi, itariki 11/04/2018.

Papa Faransisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika aremera ko yakoze ikosha rikomeye ku kuntu yavyifashemwo ku kibazo c’umupatiri muri Chili yagirizwa inyifato zitabereye z’ubusambanyi. Ivyo yabishikirije mu rwete yandikiye abepiskopi muri ico gihugu abamenyesha ko ababaye cane kandi amaramaye.

Muri urwo rwete rwashizwe ahabona ejo ku musi wa gatatu na Vaticano, Papa yabwiye abo bepiskopi ko agiye gutunganya inama yihutirwa mu ndwi ziri imbere kugira bavugane kuri ico kibazo.

Uwo mutegetsi wa Ekleziya Katolika yatumiye kandi abakorewe ayo mabi kuja i Roma kugira abasabe imbabazi amaso mu yandi.

Mwomenya ko igihe yagira urugendo muri Chili mu kwezi kwa mbere, Papa ntiyahaye agaciro ibirego vyashikirije n’abanyagihugu bavuga ko basambanishijwe n’umwepiskopi Juan Barros.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG