Uko wahagera

RDC: Abatavuga Rumwe na Reta Ntibemera Imashini Zizokoreshwa mu Matora


Komisiyo y'amatora muri RDC yakira imashine za mbere zo gutora, Kinshasa, RDC, itariki 9/01/2018.
Komisiyo y'amatora muri RDC yakira imashine za mbere zo gutora, Kinshasa, RDC, itariki 9/01/2018.

Urunani rw'abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo rwariyunze mu ntumbero yo kwiyamiriza umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora hamwe n’imashine zo gutora uwo murwi nyene utegekanya kuzokoresha mu matora yo kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Mu rwandiko bateyeko umukono ejo ku musi wa gatatu i Kinshasha, abakuru b’imigambwe itanu, harimwo na Felix Tshisekedi amaze kumenyesha ko azokwitoza muri ayo matora, bararahira ko batemera imashine umurwi w’amatora ugomba kuzokoresha kugira zizosohore amakarata y'amatora.

Izo mashine zakozwe na sosiyete yo muri Koreya y’epfo yitwa Miru System, kandi komisiyo y’amatora muri ico gihugu hamwe na Ambasade ya Koreya y’epfo i Kinshasa barahakana ko batazi izo mashine.

Abatavuga rumwe na reta ya Kongo basaba reta ya Koreya y’epfo guhagarika amasezerano yo kugura izo mashini hagati y’umurwi Ceni hamwe n’iyo sisiyete "Miru".

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG